Akahise : Inyubakwa yitiriwe Ntahokaja, ntiduhebe ingovyi ngo itatagurike

Mu kigo ca kaminuza y’Uburundi co ku Mutanga niho honyene hari icibutso citiriwe umuhisi Patiri Ntahokaja. Ico cibutso si ikindi ni inyubakwa yamwitiriwe nko gushima ibikorwa yakoze muri iyo kaminuza hamwe no guhagararira imico n’imigenzo tutibagiye ururimi rw’ikirundi. Ariko twihweje uko iyo nyubakwa ifashwe bigaragara nkaho umengo iyo Ntwari ntaco yoba yaramaze.  Ukudaha agaciro inyubakwa yitiriwe umuhisi Padiri Ntahokaja biri mu bisuzuguza ibikorwa yasize aranguye. Iyo nyubakwa nimwe muzisanzwe ziri mu kigo ca kaminuza y’Uburundi. Abahize benshi bahazi nko «Kwa Ntahokaja ». Iyo nyubakwa ikunda kwifashishwa akenshi iyo hatunganijwe ibiyago bitandukanye.…