Ubuzima bubi: Kimwe mu bituma abana baja mw’ibarabara no kunywa ibiyayuramutwe

Kuja mw’ibarabara canke kunywa ibiyayuramutwe ngo akenshi birashobora gutumwa n’ububabare, amagorwa, agahinda canke ubuzima bubi umuntu arimwo, acamwo canke yabayemwo bikamunanira kubwihanganira canke gutorera umuti ingorane aba afise. Ndereyimana Bienvenu, umwe mubo ivyo vyashikiye, aratwiganira uko vyamugendeye. Ndereyimana Bienvenu ni umusore avuka i Gisozi mu ntara ya Mwaro. Ni umwe kandi mu bana bakuze banywa ibiyayuramutwe ndetse akanihereza amabarabara. Ivyo ngo yabikora abitumwe n’ubuzima bubabaje yavutse yisangamwo akanabukuriramwo. Ariko ngo amaze gushikana imyaka 25, yarahavuye aravavanura burundu n’iyo ngeso yo kunywa ibiyayuramutwe n’aho ingaruka mbi yasigaranye zitabuze nko guhinduka ku…