Indwara yo mu kigo: indwara ivugwa igakira kandi ku buntu

Indwara yo mu kigo ni indwara ihari mu Burundi ariko ipimwa ikongera ikavugwa igakira neza kandi ku buntu. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa 02 Nyakanga 2022 mu ruganda rwo guhimiriza no gutanga amakuru ajanye n’iyo ndwara gwatunganirijwe abamenyeshamakuru i Bujumbura. Uruganda gwabaye akaryo keza ko guca irya nino ibijanye n’iyo ndwara yo mu kigo aha iwacu mu Burundi. Mu Burundi, indwara yo mu kigo iracibonekeza. Ivyo bibonekera mu cegeranyo kiva mu kigo Urumuri kiri mu ntara ya Gitega. Kuva gishingwa mu mwaka w’2010 n’abaganga batagira imbibe “Médecins Sans Frontières”, ico…