Abigeme b’abasangwabutaka nabo nyene ngo agapira baragashoboye naho intambamyi zitabuze

Muri uku kwezi kwahariwe umukenyezi, Ikinyamakuru Shikiriza kibashikana mu ntara ya Kayanza aho hari umurwi w’abigeme bakina umupira w’amaguru utari umenyerewe. Mu kiringo kidashika ukwezi umaze ubayeho, ngo hari vyinshi umaze kugerako n’ivyo ndetse wipfuza gushikako. Uwo murwi naho ufise ingorane zitari nke, ngo ntusanzwe ndetse urafise n’akabirya. Umwigeme w’umuterambere nawenyene araherekanira ivyashoboye.

Ni neza na neza ku mutumba Rusave, zone Gikomero, komine Rango y’intara ya Kayanza; ahaheruka kuvuka umurwi w’abakinyi b’umupira bagizwe ahanini n’abigeme bo mu bwoko bw’abatwa. Ngo vyose vyatanguye aho abaserukira abandi muri abo batwa batanguye kwiyumvira ico bokora kugira ngo bateze imbere umwigeme n’umukenyezi wo mu bwoko bw’abatwa. Ngo niko kuraba basanga mu gisata c’umupira w’amaguru abatwa baracari inyuma cane, ndetse basanga nta n’umurwi n’umwe wabo uhari. Niko kwiyumvira gushinga umurwi w’abo bigeme kugira ngo berekane nabonyene ko bashoboye. Kubera abigeme b’abasangwabutaka ari bake, ngo baciye bashiramwo abandi bigeme bavyipfuza bo mu micungararo maze umurwi witwa “FC la Colombe de Rango” uba uravutse. Uwo murwi ugizwe n’abigeme 24 bose hamwe ukaba umaze ikiringo kidashika ukwezi ubayeho.

Ngo naho uyo murwi wavutse uvukira aho ataco birengeje, barakoze ibishoboka kugira ngo ibikenewe babironke naho bitoroshe. Aha, Kamana Epipode, umwe mu basangwabutaka b’imboneza ari mu bafashije mw’ishingwa ry’uyu murwi akagira ati:
“Kuberako tuzi akamaro k’inkino, twaradodoye maze turaronka ishirahamwe ryo mu ntara ya Cankuzo ryitwa ‘Association RWISE’ riradufasha, rikaba ryaduhaye umupira wo gikina, hamwe n’imyambaro 12 y’abakinyi”.
Uyo, akamenyesha kandi ko aravye uko uwo murwi uriko uratera imbere atankeka kuzoshika kure.
Aha, umumenyereza w’uyo murwi nawe nyene akaba yemeza ko imyimenyerezo igenda neza.

Icatumye uyo murwi uvuka n’intumbero nyamukuru zawo


        Abakinyi bo mu murwi « FC la Colombe de Rango » mu myimenyerezo

Ngo bimwe mu vyatumye uwo murwi ushingwa ngo ni ukumenyereza no guteza imbere umwigeme w’umusangwabutaka biciye mu nkino z’umupira w’amaguru. Ngo bihweje ko atamwuga udakiza, bakaraba bagasanga umukenyezi wo mu bwoko bw’abatwa ariko aratera imbere mu bindi bisata nk’imyuga, kuvyina no gutamba; ngo basanze kandi umupira w’amaguru nawo nyene ufise akamaro kanini haba ku magara  meza, mu guhuza no kunywanisha abantu ndetse no mw’iterambere; maze baca bafata ingingo yo gushinga uwo murwi kugira ufashe abo bigeme kuzamuka muri ico gisata ngirakamaro bari bagisigaye inyuma.

Epipode Kamana, umwe mu bashinze uwo murwi asanzwe kandi awukurikiranira hafi, amenyeshako uwo murwi bawushinze kugirango bahe akaryo abigeme n’abakenyezi bo mu bwoko bw’abatwa ko guhurumbira no gutera imbere mu nkino z’umupira.
Agira ati: “Uwo murwi wagiyeho kugira ngo abigeme b’abasangwabutaka nabo bahurumbire bo ngere batere imbere mu nkino z’umupira w’amaguru. Kurya bitaho ibijanye n’intambo be n’imyuga kube ariko batera imbere no mu nkino z’umupira w’amaguru”.
Arongera kandi ati: “Dushakako kurya umuntu atezwa imbere n’umwuga, bibe ariko abigeme b’abasangwabutaka bamenya ko n’umupira w’amaguru uteza imbere uwa wugize umwuga ukanateza imbere n’igihugu.”

Iyo mboneza igashimishwa n’ivyo bamaze kugerako gushika ubu ndetse n’ukuntu, baba abasangwabutaka, baba abandi bo mu micungararo bakiriye ishingwa ry’uyo murwi.
Agira ati: “Uwo murwi ndakenguruka ukuntu wakiriwe ndetse n’ivyo umaze gushikako. Kazoza kawo mu gihe tworonka abadushigikira ndabona ari keza cane”.
Arongera kandi ati: “Nk’ubu tuvugana mpejeje kumenya ko kuri uyu wa gatandatu uza, uwo murwi waronse ubutumire bwo gukina n’umurwi w’umupira w’amaguru w’abakenyezi userukira komine mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi ku rwego rwa komine Rango. N’iyo ni intambwe. Twipfuzako iyo ntambwe itosubira inyuma ahubwo yobandanya gushika  aho uwo murwi uzoserukira n’igihugu mu makungu”.

Intambamyi bafise


Ngo naho bamaze iminsi mike kandi bakaba bamaze gukora ibitari bike, ngo intambamyi ntizibuze. Ngo imwe muri nyamukuru ni ukubura uburyo bukwiye kugirango bashobore kuronka ivyo bakeneye. Aha, Epipode Kamana, umwe mu basangwabutaka batanguje uyo murwi, akamenyeshako bakeneye cane imyambaro y’abakinyi.
Agira ati: “Twararondeye hirya no hino niko kuronka ishirahamwe ryo mu Cankuzo ryitwa ‘Association RWISE”. Ryadufashije kuronka umupira umwe wo gukina hamwe n’imyambaro 12 y’abakinyi. Ariko n’aho biri uko turacakeneye cane imyambaro kuko umurwi ugizwe n’abigeme 24. Murumva ko hamaze kuronka igice kimwe gusa”.
Abandanya avuga kandi ko bakeneye n’uyundi mupira, imiti y’abakinyi nka “pommade” hamwe n’ibindi vyofasha abo bigeme babo gutera imbere muri urwo rukino. Akarangiza atera akamo amashirahamwe atandukanye afasha mu vy’inkino, ayafasha mu guteza imbere umukenyezi, ayafasha mu guteza imbere abantu b’amikoro make hamwe n’ayakorera mu gisata co guteza imbere abasangwabutaka kugira ico baterereye maze uwo murwi ugume utera imbere maze ushike no kw’ihangiro ryawo.

Nayo ngw’ihangiro ryabo rikaba ari uko uyo murwi woba umurwi ukomeye kandi rurangiranwa. Maze ng’ukaba umurwi ushobora guhangana n’imirwi ikomakomeye ndetse ukanaserukira igihugu mu nkino mpuzamakungu, maze ukabona guteza imbere abawugize hamwe n’igihugu cose.