Buke buke bukomeza igihonyi, inkuru ya Karita!

Mu Burundi co kimwe n’ahandi kw’isi yose, ubushomeri bw’urwaruka ni kimwe mu ngorane zihanze amareta. Mu Burundi, mu ntumbero yo kugerageza guhangana n’iyo ngorane, urwaruka ruramaze kwijukira ku bwinshi ibijanye no kwitunganiriza imigambi. Abigeme na bo nyene ntibasigaye inyuma, ku buryo hari n’imirimo bijukiye yahora ikorwa n’abagabo gusa. Ikimenyeshamakuru Shikiriza caraganiriye n’umwe muri bo, asanzwe akora umwuga wo kumwa. Awufatanya no kudandaza utundi tuntu ku ruhande. Yemeza ko naho yatanguye bimugoye, ubu yamaze kumira akabuye k’abagabo. Ntakizera akantu kose ku wo bubakanye. Karita Uwimana* ni umukenyezi yubatse, afise abana babiri.…