Burundi: Iyubahirizwa ry’amategeko agenga abakozi n’abakoresha

Amategeko agenga abakozi n’abakoresha ni kimwe mu bitsimbataza iterambere, iteka n’itekane mu kibano iyo yubahirijwe. Reka dukurikirane imyihwezo y’abahinga batandukanye mu bijanye n’amategeko agenga abakozi n’abakoresha hamwe n’uburenganzira bwabo.

Mu Burundi, amategeko agenga abakozi n’akazi arahari ariko ntiyubahirizwa bishimishije.  Itegeko ridasanzwe (loi spéciale) ryo kuwa 24/11/2020 risubirira itegeko-bwirizwa (décret-loi) ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 7/07/1993; akaba ari ryo ryerekana neza uburenganzira bw’umukozi n’aho bugarukira. Ariko kandi, hariho n’ayandi mategeko atandukanye nk’ibwirizwa shingiro ndetse n’amategeko mpuzamakungu ajanye n’akazi Uburundi bwateyeko igikumu.

Iryo tegeko rirerekana ko umukozi, yaba uwa Reta canke uwo mu mashirahamwe yigenga, akora amasaha ari hagati ya 40 na 45 ku ndwi. Nayo ingingo ya 261 irerekana ko iyo umukozi akoze amasaha arenga abwirizwa kuyahemberwa kiretse mu buzi bumwe bumwe nk’ubw’abajejwe umutekano no kwivuna abansi kuko bo bafise amategeko yabo abagenga.

Amasezerano y’akazi, ibititwararikwa na bose

Ni ngombwa ko haba amasezerano y’akazi hagati y’umukozi n’umukoresha kiretse umukozi akora ikiringo kitari kinini.

Gratien NIBIGIRA, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe “Restoration Burundi” rijejwe guharanira amahoro mu kwigisha abanyagihugu amategeko, amenyesha ko amasezerano y’akazi atari amwe ku bakozi bose. Ngo hari amasezerano aba hagati y’umukoresha n’abakozi bakora ikiringo kitari kinini (employés journaliers ou saisonniers), hakaba n’amasezerano adahera yemezwa hagati y’umukoresha n’umukozi (contrat indéterminé). N’ubwo biri uko, kugira habe amasezerano ntabanduka ngo habanza kuba amasezerano y’ibanze (contrat d’essai) amara ikiringo kitarenga umwaka.

Ni ryari amasezerano y’akazi ahagarikwa?

Amasezerano y’akazi arashobora guhagarara vy’imfatakibanza canke agahera burundu. Ahagarikwa vy’imfatakibanza iyo umukozi agwaye, apfunzwe canke ashinzwe amabanga y’igihugu canke agahagarikwa n’ikindi kintu gihambaye nk’intambara.

Nk’uko tubisanga mu kiganiro “Araturaba 24” cashikirijwe n’ishirahamwe “Restoration Burundi” mu rukurikirane rw’ibiganiro risanzwe rishikiriza, amasezerano ahagaze giturumbuka, bivuye ku mukozi canke ku mukoresha, uwo bivuyeko wese ararihishwa indishi. Umukoresha ategerezwa guca ariha umukozi amezi yose yari asigaye (biri mw’itegeko rigenga abakozi n’akazi kuva ku ngingo ya 100). Nayo umukozi ngo aca arihishwa ivyokwononekara vyose mu kiringo yari asigaje gukora.

Ariko rero, umukoresha arashobora guhagarika amasezerano y’akazi iyo umukozi akoze amakosa aremereye (Fautes lourdes), canke agahagarikwa iyo ibikorwa bihagaze hakaba ico bita mu kinofunofu « Chômage technique ». N’ubwo biri uko, umukoresha ntaca yirukana umukozi atabanje kumuteguza. Nayo umukozi akaba afise iminsi 15 yo kumenyesha umukoresha ko agira ahagarike akazi.

Iyo umukozi yirukanywe ku kazi hadakurikijwe amategeko arashumbushwa. Ingingo 158 y’itegeko rishasha rigenga abakozi n’akazi irerekana ko mu gutunganiriza umukozi yirukanywe ku kazi arenganijwe. Sentare iharura imyaka afise igateranya imyaka y’akazi yari amaze gukora, hanyuma bagaca bafata igitigiri batoye bakagabura n’umushara yari agezeko.

Ugutegekaniriza kazoza abakozi

« Uwutanguje ishirahamwe ritanga akazi, aca agenda kuryandikisha muri INSS mu minsi 8. Umukozi nawe aca agenda kwandikishwa inyuma y’iminsi itarenga 8 atanguye gukora kugira ace aronswa « numéro matricule » bazoza baramurihirirako intererano muri INSS ». Ivyo ni ibishikirizwa na MIBURO Emmanuel, arongoye ishirahamwe rijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi mu Burundi, INSS.

Iyo umukozi arihirwa muri INSS, araheze akavuzwa n’iryo shirahamwe nyene iyo agize isanganya ry’akazi canke agafatwa n’indwara ikomeye, canke iyo atagishoboye kubandanya akazi. Amaze guhagarika akazi araheze agahabwa umukando. Intererano umukozi atangirwa muri INSS iramufasha kandi amaze gukukuruka mu kazi.

Nk’uko bibandanya bishikirizwa n’umuyobozi wa INSS, kugeza ubu, ibiharuro vyerekana ko abakoresha batarijukira gutegekaniriza kazoza abakozi ku rugero rushimishije. Amatohoza yakozwe yerekanye ko kugeza mu ntango z’umwaka wa 2023, ku bakoresha 14.373 bakorera mu gihugu hakurikijwe amategeko, abakoresha 1.368 ni bo bonyene bari bamaze kwiyandikisha muri INSS (9.5%). Ivyo bigaca vyerekana ko abakoresha n’abakozi benshi bataratahura neza akamaro ko gutegekaniriza kazoza abakozi.

Kubw’ishirahamwe “Restoration Burundi” (Araturaba 23. INSS 2), ngo ni vyiza kudahindura nimero umukozi atangirwako intererano muri INSS naho yohindura umukoresha. Ivyo ngo birafasha kuko iyo umukozi ahinduye nimero canke umwidondoro hari igihe bitera ingorane ugasanga hageze kumuha ivyo afitiye uburenganzira baguhaye ku nimero imwe.

Tharcisse NKANAGU, umuhinga mpuzamakungu mu bijanye no gutegekaniriza kazoza abakozi, amenyesha ko gutegekaniriza kazoza abakozi vyifashe uko bishoboka mu Burundi. Ivyo akabishikiriza afatiye ku bushobozi bw’abarundi mu bijanye n’amafaranga kuko ngo mu bihugu biteye imbere bategekaniriza uburyo bukwiye abanyagihugu babo. Ariko kandi ngo igihambaye ni ishaka ry’igihugu ryo gukingira abanyagihugu baco.

Uwo muhinga amenyesha kandi ko umwana amaze kugera mu bigero akaronka akazi aheza nawe agaterera mw’iterambere ry’igihugu. Atanga akarorero agira ati: “Umusore canke inkumi amaze gukwiza imyaka 25 ari nk’umuhinga mu kwubaka aba ariko arasubiza Reta ivyo yamukoreye mu gihe aba ariko arakora”.

Ku bwiwe ngo icibonekeza ni uko abatari bake mu bakoresha badategekaniriza kazoza abakozi. Ishirahamwe “Restoration Burundi” ryishinze kwigisha abanyagihugu mu gukinga amatati mu kibano, rigahamagarira abakozi n’abakoresha kumenya amategeko abagenga ku neza ya bose.

Ugukinga canke ugutorera inyishu ibibazo hagati y’umukozi n’umukoresha

Kubwa Gratien NIBIGIRA, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe “Restoration Burundi” rijejwe guharanira amahoro mu kwigisha abanyagihugu amategeko, ngo abakozi barafise uburenganzira bwo gushinga ihuriro (Syndicat). Ivyo ngo biraheza bigafasha abakozi kuganira ibibazo bibahanze hagati yabo n’umukoresha bakabona kubiganirako n’umukoresha wabo. Ingingo ya 585 hamwe na 588 zo mw’itegeko rigenga abakozi n’abakoresha zikaba zerekana kandi ko abakozi bafise uburenganzira bwo kwiyunga muri sendika.

Ariko rero, inzira nziza yo gukinga amatati hagati y’abakozi n’umukoresha ngo ni ugushiraho umugwi ugizwe n’umukoresha, umukozi hamwe n’umuhanuzi bahurijeko w’inyuma y’ishirahamwe kugira batorere inyishu ikibazo cadutse muri iyo nzira. Ikindi ngo ni ukwitura umugwi w’igihugu ujejwe abakozi n’akazi mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi. Nayo mu gihe ivyo vyose vyanse, uwarenganijwe ngo arashobora kwitura sentare ikurikirana imanza zishingiye ku kazi.