Ugusegerereza ku bana, ingeso mbi iguma igwirirana

Mu Burundi, Afrika no kw’isi yose, abana basegerereza barwira ku murindi udasanzwe. Aha iwacu, abenshi bakaba ari abana baba mw’ibarabara tutibagiye n’abava mu mihana yabo bagiye gusega, baba barungitswe n’abavyeyi canke bijanye. Iyo ngeso ikaba igayitse kandi ikwiye kuranduranwa n’imizi. Ni iki kiriko kirakorwa canke cokorwa kugira iyo ngeso ihere? N’ibande bafise uruhara rwo kubihagarika? Gusegerereza ni umugenzo canke ingeso y’umuntu (uwukuze canke umwana) yo kuja mu bibanza rusangi canke ahantu hakoranira canke haca abantu benshi ajanywe no kubasaba amahera, imfungurwa canke impuzu. Uwo mwuga ugayitse wo gusegerereza ukaba utabonwa…